101
EH’IMISI IRAJE NCUTI.
- Eh’imisi iraje ncuti, y’imibabaro ku banyakibi; nta Buntu buzoba bukivugwa, bazobur’ iyo bahungira, n’urupfu ruzobahunga.
Hunga hungira n’ingoga muri Yesu Kristo kuko ari ho honyene har’Ubuhungiro.
- Imbere yuko ivyo biba, Yesu Azoza gusahur’ abiwe; ngo ntibabone namba na kimwe, muri ivyo vyose bizoba, imbabazi zice zikurwaho.
Hunga hungira n’ingoga muri Yesu Kristo kuko ari ho honyene har’Ubuhungiro.
- Mbega ncuti uhagaze he? Nta kwiregura kuzobaho; ntiwiyambike agashambara, ngo nd’uw’ idini kanaka, kukw’ ivyo bitazumvirwa.
Hunga hungira n’ingoga muri Yesu Kristo kuko ari ho honyene har’Ubuhungiro.
- Ntugerageze kwikingira, ngo wakiriye Umuco; uzowugaragaza ico gihe, ikimenyetso gusa nico kizwi arico Mpwemu Yera w’Imana.
Hunga hungira n’ingoga muri Yesu Kristo kuko ari ho honyene har’Ubuhungiro.
- Ntuzoshobora kwiregura, ngo wavuze mu ndimi kenshi; canke ngo warahanuye kenshi, ntusumvya Baramu, na Yuda yasenze amadayimoni.
Hunga hungira n’ingoga muri Yesu Kristo kuko ari ho honyene har’Ubuhungiro.
- Twebwe abari muri We mbere, nta na kimwe twinona; kuko har’ Amaraso ku rugi ubuntu bwatanzwe rimwe risa, ku Musaraba i Gologota.
Hunga hungira n’ingoga muri Yesu Kristo kuko ari ho honyene har’Ubuhungiro.
************